groups-at-messagehomepagekirundikirundi_SportsSport

Menya ko ikinga rifise akamaro kanini

Kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 3 Ruheshi isi yose yarahimbaje umusi mukuru wahariwe ikinga.

Mu mwaka w’1817 niho ikinga ryatanguye gukoreshwa muvyo kwiyunguruzwa rikaba ryakozwe n’umudagi Karl Drais Van Sauerbrom ,haciye umwaka umwe niho ryerekanwa mw’ihayanishwa i Paris bakaba berekanye ubwoko bwa Velocipède benshi batazira Vélo.

Hano mu Burundi , ikinga rirafise akamaro kanini mu buzima bw’abenegihugu cane kuko ribeshejeho imiryango myishi ,rirafasha mu kwunguruza abantu n’ibintu mbere rikanakoreshwa mu gusiganwa arivyo bita Cyclisme .

Hano iwacu kubera atamakinga yo gusiganwa mpuzamakungu ahari kubera azimvye cane rimwe rimwe mu mahiganwa yo gusiganwa bakoresha ikinga vélo riri mu bwoko bwa Vélocipède benshi batazira taxi vélo .

Mwomenyako umumunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’amakinga mu Burundi Désire Hussein yaboneyeho kumenyesha ko ihiganwa ry’uno mwaka ku rwego rw’igihugu ko rizobera mu ntara ya Makamba muri komine Nyanza lac .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 882