featured sportChelseaEsther NishfootballhomepageIbiyovyabwengekirundikirundi_Sportsprimus ligueYvan muziki

Messager Ngozi Fc yaronse abarongozi bashasha

 Inyuma yaho uwahora arongoye umugwi Messager Ngozi Manirakiza Marc batazira Poshen yatanze imihoho mu mabanga yo kurongora Messager Ngozi uyo mugwi waronse abarongozi bashasha vy’imfatakibaza. Abo nabo akaba ari uwitwa Dieudonné Ntibarutaye hamwe na Apollinaire Manirakiza.

Bakaba baraye batowe kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 09 nzero umwaka wa 2019 mu kanama bakoze n’uwusanzwe arongoye ishure ry’umupira w’amaguru rya Le Messager Fc Athanase Hatungimana batazira Cokoroko.

 Mu kiyago Athanase Cokoroko yaraye akoranye n’abamenyeshamakuru yavuze ko yizeye ko ibikorwa bizobandanya uko vyahora kubera abo abarongozi baraye batowe ngo barongore Messager Ngozi vyimfata kibanza bari basanzwe begereye cane Uwo murwi.

 Mukamenya ko Manirakiza Marc batazira Poshen yandikiye uwurongoye ishure le Messager Ku musi wa kane igenekerezo rya 03 Nzero umwaka wa 2019 amumenyesha ko ahagaritse amabanga yo kurongora Messager Ngozi bivanye n’inzitizi zimwe zimwe yabona zotuma atarangura neza amabanga yari ajejwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891