footballhomepagekirundikirundi_SportsWorld News

Messi agiye guhabwa amasezerano y’ibanze na Man City

Urukuru rugize imisi ruhari kuri Lionel Messi umukinyi wa Barcelona akomoka mu gihugu ca Argentine, nuko ashobora kuja muri manchester City mu gihe azoba arangije amasezerano yiwe muri Barcelona.

Ikinyamakuru The Telegraph co mu bwongereza camenyesheje ko uwo mugwi ngo ushobora kuzoba amasezerano y’ibanze (Pre-contrat) uwo mukinyi mu ntango z’umwaka wa 2021. Nkuko ico kinyamakuru kibandanya kibishikiriza, ngo Omar Berrada umwe mu batware b’uwo mugwi yashimangiye ugushaka kw’icipfuzo c’uwo mugwi kijanye n’ukuzana uwo mukinyi.

Ariko naho biruko, Messi ngo ntaco aravuga ku bijanye n’umugwi azohava agiriranira amasezerano. Ico uwo mukinyi ngo yoba arindiriye n’ukubona ikizova mu matora y’ubutongozi bushasha bwa Barcelona.

Aha mukamenya ko uwo mukinyi amaze igihe imyaka myinshi muri uwo mugwi, akaba amaze kuwuronswa ubushimwe butari buke. Ariko nawe uwomugwi wamufashije vyinshi kuko ngo yarafise ingwara yavukanye, ikaba itamukundira gukina uwo mugwi, ariko Barcelona niyo yabashije kumurihira umuti yategerezwa guterwa kugira abashe gukina.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 890