footballhomepagekirundikirundi_SportsUncategorized

Messi yoba agiye guhamvya Mbappe na Neymar muri PSG?

Nassir AL Kheifa nawe yamaze kuja mu gitigiri c’abashaka kwikwegerako Lionel Messi. Biramutse bikunze, uwo munya Argentine akaba azoba asanzeyo abakinyi nka Neymar na Mbappe nabo muri kino gihe batoroshe.

Ariko naho biruko ikinyamakuru Sports co ku mugabane wa Buraya kikaba kitabibona uko kuko babona ko ari nka hamwe bibaye ngo boca bategerezwa kugurisha abandi bakinyi nabo kandi benshi cane.

Nkuko ivyo binyamakuru bibishikiriza, Ishirahamwe ry’umupira w’Amaguru ku mugabane wa Buraya UEFA ngo rikaba ricungiye hafi cane uwo mugwi kugira ntuhave ukora iryo kosa.

PSG ikaba iri mu gitigiri c’imigwi nayo ishaka kwiyegereza uwo mukinyi, aho twovuga nka Juventus, Manchester na Inter de Milan. Ivyo bikaba biruko mu gihe uwo mukinyi ngo yoba asa n’uwegereza gukinjura muri uwo mugwi, ivyo navyo akaba ngo yabiyagiye umumenyereza wiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 912