BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Mina yahakanye urukundo rwavurwa hagati yiwe na Emery Sun

Nta rukundo rwari hagati ya Mina na Emery Sun igihe yamusaba kuja mu masanamu y’indirimbo Wa Wundi, nayo ubu ngo nta vy’urukundo, ariko yiruka inyuma y’ifaranga.

Milky Minaj arahakana ko atari mu rukundo na Emery Sun, uyu akavuga ko muri kino gihe ari wenyene yiruka n’ubuzima gusa.

Ivyo uwo muvyeyi w’umwana umwe akaba yabishikirije mu gihe mu mwaka uheze, amakuru yavuzwe gose ko ari mu rukundo na Emery Sun. Mbere n’uwo muririmvyi akamwerekana gose ku mbuga ngurukanabumenyi.

Mina akavuga ko muri kino gihe ata vy’urukundo yipfuza, ahubwo ngo ashaka kurondera ubuzima cane, kuko ngo imyaka itarindira umuntu, kandi iki arico gihe c’ukurondera kugira utegure kazoza.

Mina abajijwe nimba hari umugambi afise w’ukurongorwa, yishuye Dj Fanny ko uwo ari umugambi wa 2 apana uw’umuntu umwe.

Nayo umuhungu yipfuza ngo n’umuhungu amukunda, ngo yaba ari mugufi canke muremure ivyo kuriwe ntaco bitwaye.

Mina yanabajijwe nimba boba bari mu rukundo na Emery Suna igihe c’ukuja mu masanamu y’indirimbo yiwe. Inyishu yatanze, yavuze ko amuzi imbere yuko iyo ndirimbo ikorwa, ngo nayo ukujamwo nuko yari umugenzi wiwe gusa.

Emery sun akaba yaranavuzwe cane ko yoba ariwe se w’umwana wa Mina, ariko bose uko ari babiri barabihakana cane.

Nayo ivy’urukundo rwabo bikaba vyageze kuvurwa gose inyuma yaho avaniye n’uwundi mwigeme bari barikumwe mu rukundo, uwo akaba asanzwe ari umunyamideri, aho ayerekana akongera akanayikorera.



What's your reaction?

Related Posts

1 of 775