HealthhomepagekirundiSantéWorld News

Misiri : Umugabo yari yatowe Coronavirus basanze atayo akirwaye

Amakuru dukesha ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS amenyesha ko umugabo wo mu Misiri yaheruka gutorwa ko yanduye umugera wa coronavirus basubiye kumupima basanga ntayo akirwaye.

Umuvugizi wa OMS Tarik Jašarević amenyesha ko yamara n’ubwo uwo mugabo basanze atagifise iyo ngwara ko bagiye kubandanya bamugumije mu kibanza ca wenyene mu kiringo kingana n’imisi icumi n’ine hanyuma iyo misi iheze bazosubira bamupime barabe koko ko yoba yarakize burundu.

Ayo makuru akaba kandi yemezwa n’ubushikiranganji bwitaho amagara y’abantu aho nyene mu Misiri yamara bukamenyesha ko uyo mugabo ari umunyamahanga naho butamenyesheje igihugu uwo mugabo akomokamwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755