BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Miss Erica ngo aronse uburyo azoja kwironderera Sal G

Miss Erica n’umuryango wa Sal G ngo nta bucuti bafitanye, n’umwana wiwe n’uwo muririmvyi yaburiwe irengero ngo ntibazi nuko ari i Bujumbura. Nayo abibaza ko abima amakuru ya Saleh ayazi ngo n’ububeshi kuko gushika ubu nta kintu na kimwe azi ku kibanza yoba arimwo.

“… Sivyimbeshere, jewe nta communication mfitanye na famille yiwe pour l’instant. Eeeh, n’umwana wanje ntibazi ngo turikumwe ngo turikumwe aha mu Burundi, kandi ari ngaha, umwana w’iwabo…”

Uwo muvyeyi w’umwana umwe yanavuze ko atazi iyo ari uwo basangiye ico kibondo kuko ngo iyaba ahazi, yofashe akanya akagenda kumurondera, kuko n’umwana wiwe aramukeneye. Nayo umuryango ngo waramwegeje ku ruhande ku bijanye n’ivyashikiye uwo mukunzi wiwe.

Sal G nanje ubwanje nta makuru yiwe mfise, basi iyaba narinzi nti ari ngaha, nogiye kumwitorera. Nosavye incuti, imiryango n’abagenzi bakamperekeza tukaja ku murondera. Iyaba nzi basi ko yapfuye twogiye tugatora ikiziga tukagihamba, tukagihambana iteka, kuko n’umuntu yakoze mu gihugu…”

Small mama avuga ko Imana niyamuha amafaranga ngo azofata akanya yirukange aje gusaba ubufasha muri Tanzania, biciye ku mboneshakure zitandukanye muri ico gihugu ngo babafashe kurondera uwo mukunzi wiwe, kuko ngo n’umwana wiwe aramukeneye.

Hazoboneka Solution, ubushobozi bubonetse, ndonse Deal y’amahera menshi, …, ikintu ca mbere nokora nugutegura Voyage kuzunguruka Tanzania Nzima, no gushika za wasafi, …., kuma Tv yabo akomakomeye kubasaba ubufasha, kugira tugerageze kurondera Sal G.

Mwokwibuka ko habonetse abantu batari bake bakoresha ibiteramo vyo kuja kurondeza Sal G, ariko ntihamenyekana iyo vyahereye. Uwo muririmvyi akaba amaze imyaka itari mike yarabuze, amakuru ya nyuma akaba avuga ko yoba yatakariye muri Tanzania.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775