BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Miss Erica ngo yarayisimvye, ubu ni sawa

Ikivyimba co mu nda ngo nico cagira kidutware umwigeme Miss Erica asanzwe akorera ibikorwa vy’umuziki I Kigali. Ariko ubu ngo ni sawa.

Miss Erica ngo yaragize igihe arwariye I Kampala, Ariko ubu ngo ni sawa akaba ngo agiye gusubira I Kigali aho asanzwe akorera ibikorwa vyiwe vy’umuziki nkuko yabiyagiye bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru nyarwanda.

Uwo mwigeme akaba ngo yaragwaye ikivyimba mu nda nkuko ayo makuru dukesha ikinyamakuru Inyarwanda abishikiriza. Uwo mwigeme ngo yoba yarahunze Kigali aja kwivuriza I kampala kubera uburyo bwo kwivuriza I Kigali ari umurengera.

Miss Erica akaba muri ino misi ari musi y’uburongozi bwa Label yitwa Kiwundo, ari nayo imufasha mu bikorwa vyiwe vy’umuziki. Akaba yaheruka gushira ahabona akaririmbo haraheze amezi 3, ako kakaba ari Mon Amour, amasanamu yako akaba yari yitezwe cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775