BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Mista Champagne ngo agiye guhindurira abafana biwe ntasubire kubishura

Akababaro ni kose kuri Mista Champagne kuba ataronka ama Like n’ama Commentaire nk’abandi baririmvyi bakomakomeye.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, Mista Champagne yari yasavye abakunzi biwe ngo bikebuke kuko ugukorana n’abaririmvyi bakomakomeye bamusaba (abafana) bizova kuma Commentaire ,n’ama Like kuko uwo muririmvyi azoba abona ko akomeye hano iwacu.

Uno musi naho Mista Champagne yahavuye asohora iyindi aho yavuze ko bitoroshe, kuko ngo impanuro bamuhaye kubwiyo Video, bamubwiye ko ukubura kw’ayo ma Commentaire n’ama Like bimuvako kuko yifata nk’umuntu asanzwe mu gihe bagenziwe bakomeye ngo bo bazimvye kubona, arico gituma bo baronka ivyo we ariko aririra.

Muri iyo Video nyene uwo muririmvyi avuga ko we bizomugora kutitaho abantu kuko azi uko ubuzima bugoye. Ariko akavuga ko ata kundi ari bubigenze kugira Abashe kuba umuntu akomeye kuko ibikenewe vyose ngo arabifise.

Mista Champagne arangiza iyo Video yabajije abafana biwe nimba biteguye ko ahinduka, aho ni mu gihe we asanzwe akunda kwishura ama Commentaire yose akorwa n’abafana biwe, ariko abandi bo ngo akaba atavyo bakora.

Mwomenya ko Mista Champagne ari mu baririmvyi ndundi bakurikirwa cane ku rubuga rwa Instagram,ubu akaba ageze ku barenga 78,000 basanzwe bamukurikirana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775