kirundiIKIRUNDI_news

Mkombozi agiye kuririmba amagorwa yaboneye i Bujumbura

Mkombozi ni umuririmvyi w’umurundi, umu rapeur asanzwe avuka i Nyanza Lac .

Twatanguye kumumenya Ku ndirimbo yiwe “Zawadi ya Mwaka” yaririmbanye na Big Fizzo.

Nkuko wenyene avyivugira ngo urugendo rwari rurerure kugira Bikunde amenyekane mu Gihugu cose.

Impano yiwe yo kuririmba yatanguye kugaragara akiri mu Gihugu ca Tanzania neza na neza mw’ikambi y’imutabira abari bamwegereye barumva KO abishoboye nubwo atari bwamenywe na benshi.
Niho yasubiye mu gihugu c’amavukiro
yerekeje i Nyanza Lac nkuko ari naho asanzwe avuka naho baratahuye impano yiwe baramushigikira.

Ntivyagarukiye ngaho yaciye afata ingingo yo kumanuka mu Gisagara ca Bujumbura amaze kuhashika bidatevye yaciye yandikisha amateka ku ndirimbo “Zawadi ya Mwaka”abantu bayakiriye neza cane mu gihe gito mu gihugu hose baba baramumenye .

Mkombozi nubwo bitamworoheye akaba yabandanije akora umwuga wiwe n’inguvu ndetse inyuma y’igaruka ryiwe hano mu gihugu akaba yaje n’izindi nguvu.

Isango yatanze kugira atange ikindi gikorwa rikaba ari igenekerezo rya 1 Mukakaro 2022, aho abarundi bibuka ukwikukira kw’Uburundi. Mkombozi abicishije Ku mbuga ngurakanabumenyi ziwe akaba yanditse agira ati:”

“Are u ready?
Save the date 1stJuly👌🏾
n’indirimbo irimwo amagorwa n’imibabaro nahuye navyo nshitse Ibujumbura.
Bituma nipfuza gusubira iyo naje mva.”

“Ariko kuber’ UKWIZERA KUWAGOWE KWATUMYE ATIYAHURA.”

Nkuko yabitubwiye rero ni ukubandanya turindiriye iyo ndirimbo twumve ayo magorwa.

Ico tuzi ni uko yayikoranye n’umuririmvyikazi Chany Queen.
Kw’igenekerezo rya 3 Mukakaro uyu mwaka nyene bakaba bafise Igiteramo aho i Nyanza -Lac ngo kazoba ari n’akaryo ko guca bakora vidĂ©o yiyo ndirimbo yabo izoba izwi kw’izina rya” Ngiye i Bujumbura”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 454