homepagekirundimusic

Mkombozi gukunda igihugu biri mu maraso yiwe

Umuririmvyi Mkombozi ugerageje kumviriza indirimbo ziwe,amajambo yiwe ntasiba guhamagarira abarundi gukunda igihugu cabo na cane cane ko bokwitaho ururimbo rw’ikirundi.

Yavutse igenekerezo rya 24 Mukakaro umwaka atarashima gushira ahabona, ariko yashimye guhimbaza isabukuru yiwe y’amavuko yifadikanije n’abakunzi biwe igenekerezo rya 31 Mukakaro 2022 kuri Nyabugete Beach, aho yari yifadikanije n’abaririmvyi bagenziwe batandukanye nka Chany Queen, Ell’s boy, Bidondo n’abandi. Barateramishije abakunzi b’umuziki ndundi na Mutima le comédien niho yari yibereye.

Mkombozi mu mwambaro w’amabara y’igihugu yaratangaje abantu ku rukundo akunda igihugu kabaye n’akaryo ko kwerekana umwana wiwe Nadine Antivirus benshi bari bamuzi izina gusa kuko yakunda kumuvuga mu biganiro bitandukanye akora, umwana twatanguye kumwumva kuva akiva muri Tanzania mw’ikambi y’i Mutabira ariko nyina w’umwana niwe tutarigera tumenya, ico tuzi n’uko Mkombozi akivuga ko akeneye Mkombozine bisigura umufasha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 741