abakinyi bakina hanzeDiasporafootballintamba murugambakirundi

Indundi Sports | Ikigo co kurera abana b’impfuvyi Amani House kigiye kwugururwa n’abakinyi bakera

Kuri uyu  wa gatatu igenekerezo rya 03 Gitugutu 2022 isaha zine zo mugitondo 10h mu Kajaga niho abakinyi bakera basanzwe baba i Burayi bari baramutse bakora ikiganiro n’abanditsi hamwe n’abamenyeshamakuru.

Ico kiganiro cari ico kwerekana aho bagejeje ibikorwa  vyo kwugurura ikigo gishasha co gufasha abana b’impfuvyi citiriwe izina rya Amani House. Saidi Ndabaniwe umukinyi wa kera w’intamba mu rugamba asanzwe aba mu gihugu ca Norvège avuga y’uko intumbero yabo ya mbere ni iyo gufasha abana b’impfuvyi.

Saidi Ndabaniwe akaba yagize ati : “abakunzi b’umupira w’amaguru n’abakinyi bakera twaricaye hamwe turarondera ikintu twoterera iwacu mu Burundi , twumvikanako twofasha abana b’impfuvyi. Iyo tuvuze abana b’impfuvyi haza benshi ariko tuzohitamwo babandi babikeneye tubonako ari ngombwa, abana batagira abavyeyi bose babiri , ashobora kuba atagira abavyeyi bose babiri ariko afise abamufasha, uyo azotubabarira kuko azoba aje gutwara ikibanza c’abandi”.

Saidi Ndabaniwe yasubiye avuga y’uko intumbero yabo ari uguha abo bana ubumenyi bukwiye.

Akaba yagize ati: “Ubwa mbere na mbere ni ugufasha abana b’impfuvyi , intumbero yacu rero ni ugufasha abana b’impfuvyi tukabaha ubumenyi , nk’uko mwabonye amazu yacu asa n’uko yarangiye hazojamwo rero abana 32 nivyo bibanza dufise uburyo bubonetse tuzokwongereza abandi”.

Yasubiye kandi avuga y’uko bahisemwo abana b’abahungu ariko ntivyabakundira  bazoca baraba ingene bongera n’abana b’aba bakobwa.Ku bijanye n’imyaka y’abana bazotangura kurera ni uguhera ku myaka 10 kugeza ku myaka 15, bivanye n’uko iyo umwana afise iyo myaka biroroshe kumubwira ikintu akagitahura.

Gukina umupira w’amaguru ntibabishize inyuma kuko hazoca hashingwa Academy ihurikiyemwo abo bana b’impfuvyi. Umugwi wo gutororokanya abo bana ukaba umaze gushingwa.

Mwomenya ko iryo shirahamwe rihurikiyemwo abakinyi bakera bakina mu mahanga rizokwemerwa gukora ku mugaragaro mu misi iri mbere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 636