Entertainmentkirundi

August mu gihe hasigaye Imisi 2 gusa izina ry’indirimbo twamaze kurimenya

Icivugo ciwe ca burimusi ngo n’ugukora uko ashoboye kose ngo Uburundi bumenyekane mu makungu, abicishije mugahogo kiwe.

August Burundi mu makuru aheruka twarababwiye ko yarahiye ko umwaka wa 2022 utazorangira ataduhaye indirimbo nshasha, none ngibi agiye kubishira mu ngiro.

 

Ku ndirimbo yiwe “dukunde Uburundi yaragerageje mu masanamu yayikoreye uyiravye n’ingombwa ubone ivyiza vy’uburundi,
Ubone n’ingene ari bwiza.

Nkuko yabibwiye abakunzi biwe, ariko arabategurira urukurikirane (album) yise “Dukunde Uburundi” akaba amaze gusohora indirimbo 3, iyigira kane ngo tuyitege vuba, atagihindutse kw’igenekerezo rya 15 Kigarama 2022 izoba yagiye ku mugaragaro
nayo Kuri YouTube ni August Burundi.

Iyo ndirimbo ikazoba yitwa “Nyamwigendako”
Tubandanye turindiranye isango yaduhaye.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 547