BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Monna Walda ati: ” Imana ntiharirizwa”

Monna Walda nawe ari mu babashije kugira ico bashikirije kwi tabaruka rya nyenicubahiro Petero Nkurunziza.

Uwo mwigeme yigeze kuba icababa ca Miss Burundi yanditse Ku rubuga rwiwe rwa Instagram ko nyakwigendera ataco atakoze mu kubashigikira mu gihe aribo bari batowe muri Miss Burundi.

Ayo majambo yanditswe mu rurimi rw’icongereza, uwo mwigeme asigaye ari umuririmvyi yayaherekeje n’amashusho atandukanye aho babonetse baramukanya n’umuhisi Petero Nkurunziza.

Muri ubwo butumwa, Monna Walda asigaye yitwa Mow_kanzie Kuri Instagram, yahereye kuvuga ko Imana idaharirizwa, yongerako ko ryari iteka ridasanzwe kumumenya.

“Imana Ntiharirizwa, ryari iteka ridasanzwe kubamenya Nyakubahwa Mukuru w’igihugu c’Uburundi. Muraruhuka amahoro Nyakubahwa, kandi mwarakoze kutwizera n’ubufasha mwaduhaye igihe twatorwa muri Miss Burundi.”

 


 

Mwomenya ko uwo mwigeme amaze kurangiza ikiringo ciwe miss Burundi yacuye atangura gukora ibikorwa bitandukanye, birimwo kuba umu MC, umu Youtubeuse noneho mu nyuma afata umwuga wo kuririmba, aho amaze kuririmba indirimbo 2, zanarabwe cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799