BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Monna Walda ngo azanye ibitamenyerewe mu muziki

Monna Walda ngo nta mugambi afise wo guhagarika umuziki naho hari abatavyerekwa ko muri kino gihe ari mu muziki, aho akaba kandi anavuga ko we ataco aje guhindura, ariko ngo we azanye bishasha abantu basanzwe batamenyereye mu bigeme.

Mu kiyago aheruka guha imwe mu mboneshakure za hano iwacu, uwo mwigeme yavuze ko bitamworoheye kugira abashe gutangura umuziki, ariko ngo amaze guhonyozamwo ikirenge akabona bigenze neza, ngo vyatumye aca Ashima kugumamwo.

Monna Wolda Kaneza asigaye azwi kw’izina ry’ubuhizi nka Mo’W Kanzie, muri ico kiyago na Landry Promoter, yabandanije atanga umuco ko we abantu batahuye nabi ivyo yavuze mu ndirimbo “Nshaka” aheruka gushira ahabona, kuko we atashatse kumenyesha ko ashaka abamutwara mu bihugu yavuzemwo.

Mow yagize ati :“Sinavuze ko nshaka Mumbai na Dubai,…., ngo kugira bahantware,….., bisigura ko nshaka ahantu nzoronka amahera y’iwanje,….. mvuga nti yoooh numva nkumbuye rya zuba na ya mazi ya Hawaii ngaca ngenda….”

Uwo mwigeme asanzwe ari umu Mc, akaba kandi n’umwe mu bakora amashusho bakayasangiza abakurikirana umuhora wa Youtube, Youtubeuse, yanavuze ko akunda umuhungu asa neza, kandi afise iyo ariko araja, kuko nawe ngo afise ivyiyumviro vya kazoza. Uwo akaba yanahavuye avuga ko ata mukunzi afise, mu gihe vyari vyavuzwe mu misi iheze ko yoba asigaye ari mu Rukundo n’umuririmvyi wa hano iwacu, ariko akorera ibikorwa vyiwe mu mahanga.

Mwomenya ko ako karirimbo Nshaka yatanguriyeko ibaye iri mu zimaze kurabwa cane, kuko mu kiringo kiri musi y’ukwezi imaze kurabwa n’abarenga 39,000, ibikorwa n’abigeme bake hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775