BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Monna Walda yavuze abakobwa 4 arabirako cane mu bikorwa vyiwe vy’umuziki

Monna Walda abo arabirako cane muvy’umuziki wiwe ngo ntibari hafi, ariko ngo bamwe barahari hano muri kano karere Ubundi buherereyemwo. Muribo ngo harimwo 2 abo nabo b’abigeme kandi bose babarizwa muri Tanzania.

Abo bigeme uwo muririmvyikazi mushasha avuga ni Nandy na Vee Money basanzwe bose ari abaririmvyikazi, ariko naho abakunda bose, ngo ntabakundira bimwe. Vanessa yavuze ko amukundira uburyo yifata mu mashusho yiwe, nayo Nandy amukundira uburyo aririmba.

Hampande yabo, Monna yabwiye Juste Gael mu kiganiro Umukubito ku nsamirizi Colombe, ko abandi baririmvyi akunda babarizwa mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, ngo niho basanzwe bakorera ibikorwa vyabo vya misi yose.

Abo baririmvyi ni Beyonce hamwe n’umuririmvyikazi Rihanna. Beyonce ngo amukundira uburyo atamba ibintu bitangaje kandi akongera akanaririmba, s’ico gusa kuko anamukundira uburyo mu buzima amaze kubamwo gushika uno musi yabashije kugumana ishusho y’umu mama kandi akaba n’umugore w’umuntu, ntakunde kuboneka mu majambo agenda avurwa hirya no hino.

Muri ico kiganiro nyene, uwo muririmvyi yavuze ko Rihanna nawe amukundira uburyo ngo we ataraba abamuvuga canke abatamwerekwa, ahubwo ngo akabandanya kwiberaho ubuzima bwiwe ukuri kwamye.

Uwo muririmvyikazi yatanguye kuba umu youtubeur, avuga ko atagisubira gufasha abantu acishije kuri urwo rubuga rwa Youtube aho yahora aganiriza abantu ku bijanye n’ivyo bariko barakora biba bitangaje nkuko yigeze kubiyagira bagenzi bacu. Igituma nuko kubwiwe ngo ivyo bintu bitojana, kuko ubu ariwe ahabwa ibiganira atariwe abitanga.

Mwomenya ko aheruka gushira ahabona akaririmbo kiwe gashasha yise Tell me kari mu mudiho wa Kizomba, umudiho wo muri Amerika yo mu bumanuko, amasanamu akaba yakozwe na Landry muri Grand Pictures.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775