BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Mow Kanzie ngo abafana ni babe maso

Mu gihe Mow Kanzie asa n’uwuri mu gacerere mu Bijanye n’ibikorwa vy’indirimbo, kuko iyiheruka ari iyo yakoranye na Kidum, Aho yamusanga muri Kenya, asaba abakunzi biwe kuguma bari maso.

Mu kiyago na Dushi Entertainment, uwo muririmvyi yavuze ko afise igikorwa gishasha ariko arategura abafana biwe muri iri ci ririko riraza.

Ariko hampande y’ico gikorwa ciwe, uwo muririmvyikazi akaba anibutsa abakunzi biwe ko afise Indirimbo nshasha yafashije Alvin Smith iri muri Album yiwe nshasha, iyo ndirimbo ikaba yitwa sofire.

Ku kibazo c’uko iyo ndirimbo yoba izokorerwa amasanamu, uwo muririmvyikazi akaba yemeje ko hari amasanamu azokorwa, naho atashikirije ryari.

Ivyo bikaba biciye bisanga ivyo Alvin yashikirije ko izo ndirimbo azozikorera amasanamu ariko ngo bizokorwa buke buke kuko uburyo butoroshe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775