BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Mow kanzie ngo abasani nta wushaka kumudraga

Mow Kanzie ngo afise amakenga menshi ko R flow yoba afise umukunzi, kuko ngo ivyo abwirwa ntavyo yumva na gato.

Mu kiganiro na Juste Gael, uwo muririmvyikazi yabajijwe ivy’i foto yashize kuri Status, avuga ko be na R flow baberanye ariko uwo musore atabibona.

Mow Kanzie yavuze ko R Flow Ari umwe mu basore abona ko baberanye, ariko ngo R Flow ashobora kuba afise umukunzi, kuko ngo abibwiwe aca ahunga.

Mow Kanzie yavuze ko we adashobora kubwira umusore ko amukunda, ahubwo ngo amwereka ibimenyetso noneho akarindira ko uwo musore atera intambwe.

Mow Kanzie muri ico kiganiro nyene yanavuze ko atarabasha kuronka umusore amwemerera gushira ahabona ubucuti bwabo, kuko baba badashaka kurabishwako itara.

Muri ico kiganiro nyene, Mow yavuze ko abobimukundiye, ngo nta numwe amwerekwa, abo nabo akaba Ari abasani basangiye akazi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775