BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Mow Kanzie ngo ntiyarikunze

Monna Walda ngo naho abatari bake bumva ko akazina kiwe kavugika neza, we ngo ntiyari yagashimye arico catumye ashima guhindura izina akazana irindi.

Uwo mwigeme yigeze kuba muri 2 bari mu bisonga vya Miss Burundi Imbere yuko ihagarara igihe kitari gito, anahava yinjira mu Muziki, yabwiye umwe muba Youtubeur baheruka kuganira Impamvu yahinduye izina.

Uwo muririmvyikazi aganira n’uwo mu Youtubeur yitwa Townnaire, yavuze ko yahinduye akazina kuko yumva ko iryo afise ritavugika nk’iry’abigeme, ngo yari gutuma ashima izina nka Monia.

Monna yabandanije avuga ko yashimye kwiyita Mow Kanzie ngo kuko ariko yumva ko kumvikana cane nk’ak’abakobwa.

Mwomenya ko uwo mwigeme Hampande y’ukuririmba, Ari umu Mc, akaba Kandi n’umugwizatunga biciye mu kumenyekanisha ibikorwa vy’abantu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775