BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Mow Kanzie ngo urusaku nirwo rwatumye indirimbo irabwa cane

 

Kuba Monna walda yarabashije kwinjira mu muziki mu kanya gato agaca amenyekana cane, ngo birafise ico vyavuyeko.

Mu kiyago n’imwe na kimwe mu binyamakuru vya hano iwacu, umuririmvyikazi Monna Walda yavuze ko kuba yarafise abantu bamukurikira ku rubuga rwa Youtube aho yarasanzwe ashira ama Video atandukanye, ngo ari kimwe mu vyamufashije kugira abashe kwinjira mu muziki bitagoranye kandi akamenyekana cane.

Hampande y’ico, Monna avuga kandi ko ikindi cabitumye aruko abantu bagize urusaku. Ico akakivuga ashimikiye kuko ngo abantu bariko bibaza ko atazoshobora kuririmba. Aho ngo nuko bavuga ko abantu bose batazoca baja kuririmba, kuko abarundi ngo gushika nubu basanzwe bafata umuziki nk’uguta umwanya, batarabona ko ari akazi nk’ubundi.

“Abantu nibaza ko bagize urusaku, baja kuraba. Bati aka gakobwa mbega kagira ibintu vyose, ubwa mbere ubu Mc, ubwa kabiri ama Vlog, ubu naho ibii. Uribuka ko bari banamponze ngira nsohore nshaka, bavuga ngo none abantu bose bazoca baja kuririmba? Nibaza  ko nshaka n’ama Veu ifise ya mbere nuko nari mfise abantu kuri Youtube, ariko kandi abantu baja kuraba ivyo ngiye kugira.”

 

Mukamenya ko Monna hampande y’indirimbo nshasha afise yise “SUKO” imaze kurabwa incuro 29,000 kuri Youtube, hari iyindi ishobora gusohoka umwanya uwariwo wose, iyo bikaba bivugwa ko azoba yayikoranye na Kidum, kuko anaheruka muri Kenya kandi yamenyesheje ko Atari umunya Kenya bazoyikorana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775