BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Mow Kanzie yoba ari mu rukundo?

Muri ino misi inkuru ivugwa gusumba n’urukundo rushobora kuba ruvuza ubuhuha hagati ya Drama T na Mow Kanzie, aba bose bakaba baheruka gushikiriza ko ata bakunzi bagira.

Naho havugwa ivyo, hariho n’indirimbo iri mu nzira ya Drama T ibonekamwo uwo muririmvyikazi, ariko bikaba bitaramenyekana ko azoba ari umu Video Queen, kuko aramaze gukora ako kazi ukuri kwamye, canke ko azoba ari umwe mu bayiririmvye.

Naho bose uko ari 2 baruciye bakarumira, hari abatanguye kwegeranya ivyo bise ivyemezo vy’Urwo rukundo ngo rumaze imisi. Muvyo berekanye n’amafoto yabo, aho baboneka ku ma FOTO atandukanye bambaye impuzu zisa.

Ayo mashusho hamwe bikaba biboneka ko ari ayazokoreshwa muri iyo ndirimbo nshasha ya Drama t yitezwe, ariko ayandi akaba ari ayo mu zindi ndirimbo bose bahuriyemwo. Aho ni nka Hakuna Matata RMX, impuzu yo hejuru yari yambaye vyavuzwe ko ari iya Drama T.

Uwayiciye umurya akaba ari wa munyarusaku wacu Nelly Nat yavuze ko abamuhaye amakuru bemeza ko urwo rukundo rwa Drama T na Mow Kanzie arirwo, igituma ngo ni uko uwo muririmvyikazi yoba asigaye anarara Kwa Drama t, nayo imodoka yiwe yo ngo ni nkaho yamaze kuhamenya ko ariho itaha.

Bibaye arivyo, Mow Kanzie akaba azoba ashitse kuvyo yari yashikirije mu misi iheze ko hari akabazo kuko abaririmvyi bagenziwe batamwerekwa, Kandi we ngo muvyo yipfuza n’ukuronka umukunzi w’umuririmvyi.

Urwo rukundo rwabo rukaba ruvuzwe Inyuma yaho hanuganugiwe ko uwo muririmvyikazi yoba akunda bwabara Umuririmvyi R Flow, ariko ntashime kubimubwira. Ababivuga bakaba bisunze amashusho atandukanye yaragize igihe akwirakwiza, haboneko abo baririmvyi uko ari 2. Kuriyo ngo vyaboneka ko uburyo bwo kumwifatisha bitari ivy’abagenzi bisanzwe.

Mow Kanzie mu biganiro yigeze guha umukubito, akaba ataretse kuvugako we iyo yakunze umuhungu, ngo amwereka ibimenyetso vyose bishoboka kugira atere intambwe ariko we ngo ntashobora kuricira. Ubwo rero ishobora gusanga R Flow yararuciye ararumira kuko afise uwundi mwigeme barikumwe mu rukundo atabarizwa I Burundi.

Ubu bikaba bigoye kuvuga ukuri Kuri muri izo nkuru zose ukwarikwo, kuko bo ubwabo igikorwa kibaraje ishinga ari iyo ndirimbo buca isohoka.

Iyo ndirimbo ikaba izoba isohotse inyuma y’izo yakoreye i Kigali, aho aherukayo mu rugendo rw’akazi. Nayo Mow Kanzie we akaririmbo kiwe bwite duheruka kakaba ari ako yakoranye na X Fecta, umuhinyanyuzi agize igihe akunzwe hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775