BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Mow Walda ngo n’umurundikazi ntashobora gutera intambwe ya mbere

Mu gihe hari hagize imisi hari urukurukuru ko asigaye yibera Kwa Drama T, biciye mu kiganiro Siren Trick, Mow Kanzie asa nkaho yabeshuje ayo makuru yaragize imisi akwirakwizwa.

 

 

Muri ico kiganiro, Monna yavuze ko ata na rimwe agendera abasore bibana muhira, ngo buri gihe aba arikumwe n’uwundi muntu. Imvo ni uko hari ivyo aba amaze kwumva vyabaye ku bandi aba adashaka ko bimushikira.

Walda yanagarutse ku bahungu aba yakunze, aho yavuze ko naho yugurutse ngo hariho umurongo ntarengwa kuriwe, ngo ntashobora Kuja kubwira umuhungu ko amukunda ubwa mbere.

Uwo mwigeme yavuze ko buri gihe arereka umuhungu ibimenyetso vyose bishoboka, anakamwugururira umuryango bihagize kugira uwo musore atare intambwe. Atabashije gusoma ivyo bimenyetso, Monna araheza agakuramwo akarenge.

Mona Walda azwi cane muri kino gihe nka Now Kanzie akaba gushika ubu hariko havugwa ko ari mu rukundo na Drama T naho bose uko ari babiri ata numwe arashika kugira vyinshi avuga Kuri iyo nkuru. Ikizwi gusa nuko hari igikorwa gushasha ca Drama T bashobora kubonekamwo mu misi ya Vuba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775