homepagekirundi

Mr champagne avuze amajambo akomeye mu gukeza Black_ G

Twarababwiye mu makuru yacu twagiye turabashikiriza kuvyerekeye igiteramo cariko kirategurwa na Mr Champagne kuri pasta Comédie.

Yatanguye ahamagarira abakunzi biwe kuzoza kumushigikira igenekerezo rya 3 Myakanga 2022 yabivuze hafi amezi abiri.

Ivyagiye kumuca intege biranka ko yihanga ni igiteramo caciye kivurwa mu misi mike gihuriranye n’itariki y’igiteramo ciwe, ico giteramo kikaba ari ic’umuririmvyi Bruce Mélodie ava mugihugu c’Urwanda.

N’ubwo biri uko ntiyacitse intege yagumye ahamagarira abakunzi biwe kudasiba mu giteramo ciwe, araheze aranarekura affiche iriko abo bazofashanya muri ico giteramo, umuririmvyi Black -G yaheruka kera kuboneka mu biteramo yaragaragaye kuri iyo affiche.

Isango ryabaye ntabanduka iryavuzwe rirataha ni igiteramo cari kuba igenekerezo rya 3 nyene ca Bruce Mélodie kirasiba.
Abakunzi ba Mr Champagne barishikiye muri ico kibanza Pasta Comédie kuryoherwana nawe.

Igiteramo kirangiye acishije ku mbuga ziwe yarashimiye cane umuririmvyi Black G k’ukungene yitanze akaza kumushigikira, yongera aranemeza ko yubaha uwo muririmvyi kuko ngo kugira hit zirenga 20 si ivya bose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755