homepage

Jospin Nshimirimana agiye gukinira umugwi Vital’o Fc

Umurwi Vital’o FC uvuga ko  wagiranye amasezerano n’umukinyi w’Intamba mu rugamba Jospin Nshimirimana abarizwa mu mugwi.Amakuru yashizwe ahabono no muri ayo masezerano,uyo mukinyi bitegekanijwe ko kuva kw’igenrekerezo rya 1 Ruhuhuma Jospin azoba atanguye gukina mu murwi wiwe mushasha.

N’amakuru yashizwe k’urubuga ngurukanabumenyi bw’umugwi Vital’o Fc aho  banditse bagira bati’’ Karibu cane muri Vital’o Fc Jospin Nshimirimana mumenyereye mu mugwi nserukira gihugu ‘’

Uwo mukinyi haciye amezi agera kuri 3 yonyene ashize umukono ku masezerano yo gukinira umugwi wa Sanliuspor ukina mu cicaro ca kabiri muri Turkey .

Jospin akaba aheruka kuboneka muri uwo mugwi igenekerezo rya 21 Kigarama 2023 naho nyene ntiyigeze yinjira mu kibuga .

Amakuru adushikira n’uko uwo mukinyi ariwe yahisemwo guhagarika amasezerano n’uwo mugwi bivanye n’uko bari bamaze amezi agera kuri 4 batamuhemba.

Uwo mukinyi akaba agiye mu mugwi Vital’o Fc awusanze mu kibanza ca mbere n’amanota 45 mu nkino 18 umaze gukina .

Jospin Nshimirimana amaze gukinira umugwi wa Delta Star w’iwabo mu Gatumba , Aigle Noir Cs, akina muri Turquie mu mugwi Yeni Malatyasport wo mu cicaro ca mbere hamwe n’imugwi Sanliusport wo mu cicaro ca kabiri .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 683