BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Mt Number one I Bujumbura ntiyicaye naho ataco avuga

Mt Number one ntaco arashikiriza ku mbuga ngurukanabumenyi, ariko ibimenyetso vyo bibandanya vyerekana ko aticaye I Bujumbura, ahubwo ibikorwa biramurembeje.

Naho ataco arashikiriza kiboneka, ibimenyetso vyo vy’uko hari indirimbo nshasha yimirije gushirwa ahabona bibandanya biboneka ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha, Uwo tuvuga ni Mt Number one muri kino gihe abarizwa I Bujumbura.

Uwo muririmvyi akaba abandanya ashira ahabona amashush aho aboneka ko ariko arakora amashusho y’indirimbo nshasha, iyo ikaba ishobora kuba ari iyo yaheruka kumenyesha ko azoshira ahabona vuba, iyo akaba yavuga ko ishobora kuba ari iyo yakoranye n’umuririmvyi akomeye wa hano iwacu.

Ariko kandi Mt Number one buri gihe iyo aje aha iwacu akaba yama buri gihe asubira inyuma ajanye umukagato w’indirimbo zaba Audio canke Video zizoshoka mu kiringo azoba akiriko arisumamwo muri leta zunze ubumwe za amerika asanzwe aba n’umuryango.

Gushika ubu rero bikaba bikigoye kuvuga indirimbo igihe izosohokera canke, uwo bakoranye uwariwe. Gusa bikaba biboneka ko asa n’uwahinduye umuhinyanyuzi akaba ashobora kuba ariko anakorera ibikorwa vy’umuziki muri MA Prodoction kwa Mugisha Amir, nkuko amashusho amaze gushira ahabona avyerekana.

Ayo masanamu aramutse agiye ahabona akaba azoba akurikiye amashusho y’indirimbo Ukwo nyene yakoranye na masterland  yashizwe ahabona haraheze amezi 8, ikaba imaze kurabwa incuro 11,000 ku rubuga rwa Youtube asanzwe akoresha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775