BurundiÉnergieEntertainmenthomepagekirundimusic

Mt Number one yemereye ayarenga 300,000 abafana  

Amafaranga 30,000 vy’amafaranga ya hano iwacu niyo umuririmvyi Mt Number one yaraye yemereye abafana biwe bamukurikirana ku rubuga rwiwe rwa Facebook. Abo yemereye ayo mafaranga n’abantu 10 bafise akamenyetso Facebook itanga ku bantu basanzwe bagira ico bakoze kenshi kuri Post za Page kanaka.

Ayo mafaranga 30, 000 akaba azotangwa mu gihe akanya ko kuja kuryoherwa hamwe atazobasha kukaronka, ico gihe ngo azoba ari kuri Noel. Abo bafana, bakaba bashobora kandi kuzoronka n’akaganuke {Gift} k’umupira wo kwambara w’uyo muririmvyi nyene.

Muri iyo Live yakoze kuri urwo rubuga rwa Facebook nyene, habonetse abatari bake babaza ibibazo, bamwe bashaka gusohokana nawe canke bagahabwa ayo mafaranga. Aho ni nk’abavuga ko bamusabira indirimbo ku nsamirizi, hari ababaza uko bizogenda ari nka hamwe batari mu gihugu abo bafana, hari n’abavuga ko bari bemewe iyo mipira ariko ntiyaboneka.

Abo bose Mt Number one yemeye kugira ico abikozeko, kugira yaba uwuri hanze ibintu bimushikire, uwumusabira indirimbo nawe amufate mu mugongo, co kimwe n’abo yemereye iyo mipira nabo babashe kuyihabwa.

Nkuko Mt Number one yabashije kubandanya abisigura muri iyo Live yakoze ku musi w’ejo mu masaha y’umugoroba, yamenyesheje ko impamvu nyenzina itumye abikora aruko abo bafana nabo bitanga bakamushigikira mu bikorwa vyiwe vy’umuziki.

Gushika ubu ntiharamenyekana igikorwa gishasha uwo muririmvyi yoba agiye gukora, ariko ikizwi nuko iyo aje mu gihugu asiga ahakoze amasanamu y’indirimbo zitari nke ziheza zikabikwa zikaza zirasohorwa hageze.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775