BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Mu bigize Logos ya Bantu Bwoy harimwo abami

Big fizzo ngo abamenyeshamakuru ntibari bwamubaze ico ijambo Bantu Bwoy risobanura, mbere n’ico Logos y’iyo nzu y’ubuhinyanyuzi yashinze isigura.

Mu kiyago yagiranye na Landry yamenyesheje ikimenyesto BB kiboneka muri Logos ya Bantu Bwoy ari ijambo rifise insiguro nyinshi ariko yashatse kuvuga ijambo Bene wacu, Bene Burundi.

Nayo inyenyeri ziboneka muri iyo Logos ngo zikaba zikoze urugori rwambarwa n’abami. Urwo rugori narwo rukaba rugizwe n’inyenyeri 5, zifise insiguro y’abami 5 batwaye Uburundi

Muri ico kiyago nyene uwo muririmvyi yamenyesheje ko ijambo Bantu Bwoy ari ijambo risigura umuntu w’abantu, ariko rikaba atari ijambo riri mu rurimi rw’ikirundi.

Muri ico kiganiro nyene Big Fizzo yanamenyesheje ko indirimbo zitari nke ziwe ariwe atangura kuzikorera, birimwo kuzikorera umudiho, Beat mu kinyamazuru. Abahinyanyuzi akaba amenyesha ko bo baza baje guheraheza ivyo we aba yatanguye.

Aho mukibuka ko iyo nzu y’ubuhinyanyuzi uwuyitwara ari umutambukanyi wiwe, we akaba ariwe yayishinze gusa. Iyo nzu ikaba gushika ubu ifise abaririmvyi 3 gusa Big Fizzo, Double Jay hamwe na Kirikou ari nawe muto bafise muri iyo nzu. Nayo ku kibazo c’umwigeme, mugani akaba aheruka kumenyesha ko hataragera ko bamushiramwo naho haguma hanuganugwa ko hari uwushaka kwinjizwamwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775