africa newsHealthhomepageIndundi Hits ShowskirundiMireille KAMI

Mu buseruko bwa Congo abarenga 500 nibo bahasize ubuzima

 Ikiza ca Ebola cahitanye abarenga 500 mu mezi 6, inyuma yaho gihitanye 11,000 mu burengero bwa Afrika. Ariko imirwi ijejwe kugwanya iyo ngwara ikaba yarabashije gukingira abarenga 76425 kubera incanco bahawe.

Kuri uyu wa gatandatu ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo bwamenyesheje ko ikiza ca Ebola kimaze guhitana abarenga 500, nayo 271 bakaba bamaze gukira ico kiza kigeramiye intara zimwe zimwe z’ico gihugu zihana urubibe n’ibihugu akarere Uburundi burimwo.

Urugamba rwo gukinga iyo ngwara ubwo bushikiranganji bukaba bwamenyesheke ko rwafashije kugira ibihumbi n’ibihumbi bititaba Imana muri ako karere. Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru Africanews abishikiriza, ngo ubwo bushikiranganji bwamenyesheje ko iryo sekeza ry’incanco ryatumye abashika 76 425 badafatwa n’iyo ngwara.  

Ibihugu birimwo Urwanda, Uganda na Soudan y’amajepfo ngo bari magabo nkuko bishikirizwa MSF ku rubuga rabo rwa Twitter rutanga amakuru mu rurimi rw’iki Espagnol, naho ubwo bushikiranganji bumenyesha ko imirwi ijejwe kugenzura ivy’iyo ngwara ngo bakoze ibishoboka vyose ngo iyo ngwara ntikwirakwire mu bihugu bahana urubibe, co kimwe no mu bisagara binini bini vyo muri ako karere k’ubuseruko bwa Congo.

Iyo ngwara iharurwa mu za mbere zitwara abantu benshi, yabonetse ubwa mbere muri Soudan, noneho isubira kuboneka muri ico gihugu ca Congo mu 1976. Muri 2014 iyo ngwara yatwaye abarenga 11,000, aho hari muri afrika y’uburengero.   

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755