BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Mu misi 3 Hakuna Matata RMX ya R flow irakwiza 100k views

Mu masaha ari muri ya 72, Ibihumbi 100,000 nizo Views indirimbo Hakuna Matata RMX ya R flow ishobora kuronka ku rubuga rwiwe rwa YouTube.

Iyo ndirimbo ikaba yakoranije abaririmvyi batari bake barimwo abo mu runganywe rushasha, hamwe n’ibicocoro muro uno Muziki wa hano iwacu.

R flow na B face nk’ibicoco bakaba bafatanije na Treyzo na Rap boy hamwe na Mow Kanzie na Drama t bashasha muri kano gakino, noneho basubiramwo Indirimbo Hakuna Matata R flow yaheruka gushira ahabona.

Iyi ndirimbo ikaba imaze gutangura gutungwa urutoke ko yoba idafise uburyohe nk’ubw’iyo yaheruka gusohora ifise. Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa na wa munyarusaku Nelly Nat.

Naho wumva ko bamwe bavuga ko itaryoshe, hari abandi bavuga ko ari Hit iri International nkuko vyabonetse muma comentaire kuri iyo Video nyene Kuri YouTube.

Nkuko vyabonetse hakaba habonetse n’abanyamahanga bemeza ko abaririmvyi b’abarundi bariko bifata neza, aho twovuga nk’umu Nigeria abarizwa mu gihugu cUbudage.

Mu Rwanda naho nyene iyo ndirimbo bakaba bavuga ko itagiye kworosha ibintu. Ivyo bikaba vyashikirijwe na The Cat umunyarusaku akunzwe muri ico gihugu, aho yavuze ko abarundi bataje boroshe.

Ukwo guhurira mu ndirimbo 1 ari abaririmvyi batari bake bikaba vyaheruka ku ndirirmbo Energy ya Don Brighter nayo yahuriyemwo abaririmvyi b’abarundi n’abanyarwanda. Iyo ndirimbo nayo ikaba imaze kurabwa incuro 214,000 ku rubuga rwa YouTube rwa Don Brighter.

Muri ayo masaha makeya rero iyo ndirimbo Hakuna Matata ikaba imaze kurengana iyo yaheruka yiririmbanye yarimaze amezi 3 isohotse. Yo ikaba imaze kurabwa incuro 70,000.

Iyo ndirimbo Hakuna Matata ikaba muri ayo masaha makeya imaze isohotse, imaze kuja mu Kibanza ca 5 mu ndirimbo zarabwe cane ku rubuga rwa YouTube rwa R flow, aho indirimbo imaze kurabwa cane ari Umusaraba w’Urukundo imaze kurabwa incuro 221,000.

Nayo Umusaraba w’Urukundo, ngwino na Mungu Kwanza zikaba arizo ndirirmbo 3 zimaze gukwiza Views zirenga 100,000 kuri urwo rubuga rwiwe rwa YouTube.

Tukabamenyesha ko urwo rubuga rugeze ku barukurikira bagera ku 26,000, mu myaka iriko irababa 4 urwo rubuga rumaze rukora.

Urwo rubuga Kandi rukaba rufise views zose hamwe 923,610 zikaba zishobora gushika 1,000,000 mu mwanya nkw’uwo gukubita urugohe.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775