africa newshomepagekirundisociete

Muri Nigeriya abahungu 26 bafashwe bambaye imyambora y’abigeme

Imikangara  gitsina gabo bashika 26 bose nibo bimenyeshwa ko bafashwe n’igipolisi c’idini  ya ISLAM  muri Nigeria , neza na neza mu ntara yitwa KANU, aho ngo bari bakoraniye bari mu misi mikuru.

Nk’uko rero  icegera c’umukuru w’ico gipolisi  muri ako karere abimenyesha  ku kinyaakuru BBC AFRIQUE , ngo iyo mikangara ikaba yafashwe ku musi wa mungu uheze.

Iyo nyamiramabi  kandi igira  ati ni ibiterasoni kubona iyo misoresore  yagize inyifato itabereye ikiyambika  imyambaro y’abapfasoni.

Imbere y’ukubemerera ko bashikirizwa mu minwe y’abavyeyi babo, Ico cegera c’uwurongoye igipolisi muri ako karere yabanje kubatekerera impanuro mu kubibutsa ko iyo nyifato ifise inkurikizi mbi mu buryo bw’impwemu( conséquences spirituelles).

Amakuru dukesha BBC news,

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756