featured sportArsenalChelseafootballhomepageIbiyovyabwengeInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Munezero Fiston yahagaritswe gukinira Police Fc

Uwahoze akinira umugwi Flambeau de l’Est, Munezero Fiston yamaze Kuba ahagarikwa gukinira Police Fc yo mu Rwanda .

Bikavugwa ko icoba catumye uwo mukinyi w’inyuma my mugwi Police Fc wo mu gihugu ahagarikwa ni uko uwo mukinyi yaryamanye n’umwigeme akiri muto ndetse aranamutwaza inda .

Amaze gutwaza inda uwo mwigene yaciye atabwa muri yompi n’igiporisi c’u Rwanda kumvo za matohoza mu nyuma arahava ararekurwa .

Bikaba vyarabonetse ko uwo mukinyi atakosa yakoze kuko yahavuye yambikwa izera n’ubutungane arahava ararekurwa .

Naho yarekuwe mw’ikete ryashizwe ahabona n’ubuyobozi bwa Police Fc igenekerezo rya 24 Kigarama umwaka wa 2018 bemeje ko uwo mukinyi atakiri umukinyi wabo muri kino gihe akaba arekuriwe kuja mu mugwi uwariwo wose umwipfuza.

Munezero Fiston akaba yarakiniye imwe mu mugwi ikoma komeye ya Hano iwacu nka Flambeau de L’Est , Musongati Fc , Inter Star, mu Rwanda akaba yari amaze gukinira umugwi Rayon Sports na Police Fc imaze kuba imuha uburenganzira bwo kurondera uwundi Mugwi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891