africa newshomepagekirundi

Muri Afrika y’epfo umwana w’umuhungu yahatswe gufatwa ku nguvu

 

Umwana w’imyaka 11 yahatswe gufatwa ku nguvu muri Captown ku musi wa Bonne Année aho yari yajanye n’abavyeyi biwe kuri Piscine kuryoherwa.

Mu gihe abatari bake muri afrika y’epfo baryoherewe umwaka mushasha wa 2020, hari n’abandi basa n’abawutanguye nabi. Aho tukavuga nk’umwana w’umuhungu yahatswe gufatwa ku nguvu.

Amakuru dukesha News 24 avuga ko umwana w’imyaka 11, yahatswe gufatwa ku nguvu mu kibanza co kwogeramwo, Piscine mu kinyamazuru, citiriwe Sea Point Pavillon, mu gisagara ca Cap Town.

Igipolisi cashikirije ko uwakekwako ico caha yashoboye guhunga igipolisi kitarahashika. Kuko mu kibanza kijamwo abanywa itabi, ariho ico caha cagira kibere, ariko Imana irakinga. Niko kubwira nyina w’uwo mwana, noneho nawe akabishikiriza igipolisi.

Abavyeyi batari bake ku mbuga ngurukanabumenyi bakaba babiteye ivyatsi, aho bipfuza ko uwo mukozi w’ikibi yoronderwa agafatwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755