africa newshomepagekirundi

Muri Cameroun, isengero rya Katorika ryibwe urukombazi

Abantu 2 bitwaje ibirwanisho, bivye rumwe mu nsengero za Katorika ziri ku mugwa mukuru Yaoundé muri Cameroun, bikaba bivurwa ko babatwaye ayababa 38,173,833 mu mafaranga ya hano iwacu.

Imwe mu masengero ya Ekleziya Katolika muri Cameroun, yaribwe urukombamazi n’abantu 2 bitwaje ibirwanisho nkuko amakuru dukesha BBC abishikiriza.

Abo bagabo 2 ngo bafatiyeko inkoko uwujejwe ububiko bw’amafaranga muri urwo rusengero, bamutwara amafaranga ashika 8,000,000 z’ama cfa, nkuko bishikirizwa mu binyamakuru vyo muri ico gihugu. Ariko umuvugizi w’iryo sengero we akabihakana.

Ivyo bintu bikaba vyabaye mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 17 Kigarama 2019. Amatohoza akaba ngo yamaze gutangura, nkuko bibandanya bishikirizwa n’uwo muvugizi.

Uwo muvugizi nyene avuga ko ngo uwo muvyeyi ubu ameze neza, naho abo bagizi ba nabi batagarukiye gutwara amafaranga gusa, ahubwo ngo hari n’ibintu vyiwe bwite bagiye bajanye.

Iyo ngo niyo nkuru iriko iravurwa cane muri ico gihugu muri kino gihe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755