africa newsCongoHealthhomepagekirundi

Muri Congo hasubiriye kuboneka abagwayi bashasha ba Ebola

Ikiza ca Ebola carasubiriye kuboneka muri republique iharanira intwaro rusangi ya Congo, abagwayi bandi bashasha bakaba babonetse itariki 10 ndamukiza imisi 2 gusa imbere yuko Congo na OMS bamenyesha ko ico kiza ruhonyanganda carangiye muri ico gihugu.

Nkuko itangazo ryashikirijwe n’umugwi ujejwe kugwanya ico kiza, ngo hazoca hifashishwa urucanco rw’iyo ngwara ngo bikunde babandanye bakinga ico kiza ca EBOLA. Urwo rucanco rukaba ruzohabwa abandi bashobora kugeramirwa n’ico kiza.

Iryo tangazo riranamenyesha kandi ko ico gihugu kizosubira kandi kurindira imisi 42, ata wundi mugwayi mushasha abonetse ngo bikunde baheze bamenye ko ico kiza camaze kurangira muri ico gihugu. Ico kiza kikaba kimaze guhitana abantu 2,276 muri ico gihugu nkuko ibiharuro bishikirizwa n’abajejwe amagara y’abantu bivyerekana.

Ivyo kandi biri uko mu gihe ico gihugu naco canatewe n’ikiza ca COVID-19 aho kimaze gufata abashika kuri 327, muribo hakaba harimwo 25 bamaze kwitaba Imana. Abenshi muri abo bagwaye bakaba baboneka mu gisagara ca Kinshasa

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755