abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports | Uburundi bwabaye ubwa gatatu mu gikombe c’isi c’abana bahoze mw’ibarabara

Umugwi Imboneza Fc w’abana bahoze baba mw’ibarabara waserukiye Uburundi mu nkino z’igikombe c’isi cariko kibera muri Qatar waraye uganutse.

inyuma yo gushika i Bujumbura bararonse akaryo ko kuyaga n’abanditsi hamwe n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo kubasigurira ingene iryo higanwa ryagenze muri rusangi n’ingene bagiye bavyitwaramwo.

Mw’ijambo ryashikirijwe n’umumenyereza w’umugwi Simon Gakinja , yabanje gushimira Imana kubona yabatwaye amahoro ibagarukana amahoro , aca asubira kandi ashimira abantu bose bafashije urugendo rwabo kuva mu Burundi gushika i Qatar no kugaruka.

Igihe umugwi Imboneza wari ushitse ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye

 

Gakinja Simon yavuze y’uko ukuntu yabonye inkino z’umwaka w’i 2018 i Moscou n’izi nkino zo muri uno mwaka hari ikintu kinini cane ciyongereye ku yindi mirwi kuko bariteguye bazana n’abakinyi babizi mugihe bobo bagiye bazi y’uko imigwi bazohura nayo izoguma kwakundi yahora kuriwe rero wewe abona y’uko ikibanza ca gatatu gishimishije kuko abakinyi baritanze cane uko bashoboye amahirwe yo gushika mu rukino rwa nyuma nayo ni Imana yari yabiteguye.

Imboneza Fc n’igikombe cabo

Eric Nimbona yagiye nk’uwaserukiye uwo mugwi wewe avuga y’uko mu kindi gikombe c’isi kizokurikira bakwiye kugenda biteguye cane birushiriza uko bahora bagenda kuko uko bukeye uko bwije ayo mahiganwa aguma atera imbere n’abantu bagenda bayiteguriye bihagije , ariko ntiyasivye gushima intambwe y’abakinyi biwe .

Abo bana ntibajanywe no gukina umupira w’amaguru gusa barashoboye no gutamba intambo za hano iwacu cane cane iyo bita Limawe .

Uburundi bwafashe ikibanza ca gatatu inyuma yo gutsindwa mu gice ca 1/2 gishira icanyuma biciye kuma Penariti na Egypt ari nayo yatwaye ico gikombe .

Mwomenyako uwo murwi imboneza ari umurwi wegukira ishirahamwe New Génération ukaba wari waserukiye igihugu c’uburundi incuro igira gatatu muri ayo mahiganwa y’isi .

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 318