East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Muri SaaMoya, Bruce Melodie yakoze ivy’indenzarugero abibona

Mu gihe indirimbo zaba iziwe canke izo yafashije bagenziwe zibandanya kwifata neza haba mu rwanda canke inyuma y’igihugu, uwo muririmvyi aranatungwa urutoke n’abari bake kubera izo ndirimbo nyene.

Igituma atungwa urutoke ngo nuko izo ndirimbo ziba zibonekamwo amajambo abatari bake babona ko afise insiguro itari nziza, naho aba afobetse.

Aganira na Isimbi kuri uyu wa mungu, uwo muririmvyi yavuze ko adashobora guhindura ivyo abantu biyumvira ku ndirimbo, ariko ngo ni vyiza ko ico bayiyumvirako bokigumana.

Igituma, kubwa Bruce ngo nuko baba bariko babona ibitari ivyo we aba yanditse muri iyo ndirimbo yiwe.

Hampande y’ico, Bruce Melodie aremeza ko yakoze ivy’indenzarugero muri iyo ndirimbo, kuko ngo ataho vyanditse ko atoshobora kubikora mu gihe ata tegeko ry’igihugu arenze, canke ngo atuke umuntu.

Mwomenya ko iyo ndirimbo Saa Moya iriko irababa incuro zirenga 1,000,000 imaze kurabwa kuri Youtube.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 793