BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Muri Siren Vibe ngo imikino yarahagaze

Siren Vibe ya Hosy Irakoze ngo ibintu vyavuye mu majambo ubu bigeze mu bikorwa. Umwanya wo kuvuga amajambo ngo waraheze, ubu bageze gukoresha amategeko, imbuga zigahanwa bikomeye.

Abagize imisi bakoresha ama Video akorwa na Siren Vibe bakayashira Kuri za Facebook na YouTube zabo, ngo boshaka bohagarike kuko ico kimenyeshamakuru cabahagurikiye.

Bakoresheje imbuga hwaniro basanzwe bakoresha, Siren Vibe bashize ahabona ubutumwa barungikiwe n’uwagizweko ingaruka n’igikorwa co gukoresha Video zabo, aho yavuga ko urubuga tutabashije kumenya nimba ari Faceboom canke YouTube rwiwe rwagizweko ingaruka zikomeye n’ikirego catanzwe na Siren ngo Video yabo ihanagurwe.

Muri ubwo butumwa, yavuze ko iyo abisabwa bitarinze guca muri burongozi bwa YouTube ngo yari kubikora, kuko ukubicisha i bukuru ngo vyamuteje ikibazo gikomeye.

Ico kimenyeshamakuru kikaba cagabishije abandi ngo babe maso, kugira ntihagire uwuzosubira Kubabwira ngo bafatiwe ibihano bivuye kuri video zabo bakoresheje, bakaba bagiriyeko basaba ko abantu boraba bagakora ibikorwa vyabo, kuko n’abo ngo birabavuna kugira video iboneke.

Iki kinyamakuru kikaba cari kimaze kuvuga akatari gake haba ku mbuga ngurukanabumenyi bakoresha, bakoresheje inyandiko canke mu biganiro bakora haba Kuri Siren Vibe canke ibiganiro Hosy Irakoze akora ku bindi bimenyeshamakuru ko abo bantu babatwara ama video babakorera amakosa.

Nayo ku babikora bibaza ko bariko barafasha, Hosy akaba atareka Kubabwira ko boshirako agace Gato noneho bagashirako Link kugira ibisigaye umuntu aje kubiraba Kuri YouTube.

Iki kinyamakuru gikorera ku buhinga ngurukanabumenyi kikaba Kiri mu bifise ibiganiro vyinshi, atari ama Interview asanzwe. My Journey na Siren Trick bikaba arivyo biganiro biheruka gutanguzwa, nayo Fun and Fact na girl Friend bikaba arivyo biganiro vyari bisanzwe bihakorerwa Kandi bikaba biri mu bikunzwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775