BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Mutima le Comedien ngo mu bukwe bwiwe kwinjira n’ukuriha

Igenekerezo rya 28 nzero, nukuvuga mu ndwi 2, umwe mu basore bakunzwe mu gikorwa co gutwenza abantu, Mutima le Comedien ngo arashinga urwiwe, ivyo nivyo biboneka ku butumire bwatanguye gukwirakwizwa hirya no hino.

Ubwo butumwa butanguye gukwirakwizwa hirya ni hino inyuma y’aho hamenyekaniye ko uwo musore yamaze gukwa uwo mukunzi wiwe, ngo bari bamaranye imyaka 7 bari mu rukundo, nkuko bishikirizwa na Izoom online.

Naho ata vyinshi birashikirizwa kuri ubwo bugeni, icamaze kumenyekana nuko ukwinjira muri ubwo bugeni ngo hazokenerwa amafaranga.

Uwo mugabo yashikirije muri Commentaire kuri Instagram ya Best of 257, ko abazoja mu rubanza rwa Mutima bazokwikoreshereza ama Invitation. Ikirenzoko ngo Mutima azotanga address yazokoresherezako ubwo butumire, noneho uhejeje gutanga amafaranga ngo uzoba uronse uruhusha rwo kwinjira.

Umuntu wenyene arekuriwe kwinjira ata n’urukoroka atanze, akaba Ari Best of 257 wenyene, naho nyene ngo nuko Ariwe azogura isinga ya mbere bazorya muri urwo rubanza.

Ubwo butumwa bwasubiye Kandi bushirwa muri Story ya Instagram ya Mutima, Aho yibujije abantu ko kwinjira Ari amafaranga.

Ikibazo cibazwa rero ni agaciro ko kwinjira muri ivyo birori, ikibanza bizoberamwo, co kimwe n’uko abantu bazohava bitabira ivyo birori vy’ubukwe bwa Mutima.

Iyo nkuru yo kwirihira ikaba Atari nshasha, kuko higeze kuvugwa uwatanze Ubutumire bw’ubugeni, noneho abwira abantu ko ibinyobwa vyo muri Reception abantu bazokwimenya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775