Entertainmenthomepagekirundi

Big Fizzo ngo ntiyigeze asohokana na Channy Queen

Channy Queen co kimwe na Lolilo, bose baremeza ko Big Fizzo atigeze asohokana na Channy Queen. Kandi ko atigeze aba imbarutso ya Lolilo na Channy Queen mu gutandukana. Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe na Channy Queen mu kiganiro yahaye Landry Promoter, ariko ibindi bikaba vyashikirijwe na Lolilo ubwiwe haraheze imyaka 2 mu kiganiro na Juste Gael.


Inkuru igezweho uno musi ikaba ari inkuru y’uwo mugore yatanze amakuru ko Lolilo atigeze avyarana nawe, mu gihe vyari bizwi n’amakungu ko ariwe bavyaranye.
Mu makuru aguma atangwa hirya ni hino, yemeza ko iyo nkuru Channy Yatanze muri iyi misi, ngo ariyo ko ayo makuru na Lolilo ayazi. Ico abantu badahurizako ni se w’umwana.
Mu kiganiro na Edisson, Channy yavuze ko umwana azi se Kandi na se azi umwana, ngo nta mpamvu yuko abantu basamara cane. Muri ico kiganiro nyene uwo muririmvyikazi yabajijwe igituma umwana akiri mu minwe y’abavyeyi ba Lolilo, Channy avuga ko ivyo bintu atarivyo.
Ku batabimenye Lolilo haraheze imyaka 2 yarigeze kuvuga ko uwo muririmvyikazi yigeze kumuca inyuma, ariko abajijwe uwo muntu yamufashe Channy Queen kumuca inyuma, uwo muririmvyi akaba yavuze ko ari ibanga.
Ivyo rero vy’amabanga ubifatanije n’amakuru agize umwanya ariko aravugwa ko uwavyaranye na Channy Queen ari umuvukanyi wa Lolilo, bikaba bica bigorana uko abantu batora ukuri ukwarikwo.
Channy Queen yavuze ko ata mpamvu n’imwe ihari yotuma abantu bakenera kumenya se w’imfura yiwe, akaba ashobora kuba uno musi abifata nka private life.
Ku bijanye na se w’umwana wa Channy Queen, amakuru ava hirya haba ku mbuga ngurukanabumenyi co kimwe no mw’isoko twaronse ryemeza ko ayo makuru riyamaranye umwaka wose, ngo se w’umwana wa Channy Queen ni mutonyi wa Lolilo azwi kw’izina rya Seif, uwo ku batamuzi akaba yarabonetse mu ndirimbo Saga Plage ya Lolilo na Big Fizzo.
Iryo zina rikaba rimaze kugaruka akatari gake ku mbuga hwaniro zitandukanye zanditse iyo nkuru, aho abarivuze batewe amabuye n’abantu bari hafi ya Channy Queen twabashije kubona.
Ku kibazo c’uko Lolilo na Channy Queen batigeze bagendana, uwo muririmvyikazi yivuguruje kuko mu biganiro bitandukanye amaze gukora, aremeza ko yagendanye na Lolilo. Akarorero n’ikiganiro yahaye Platform show aho yariko aganira na ku bijanye n’igiteramo c’abaswahiri Citwa Pambe na Vijora, aho bagarutse ku buryo Loliane yoba araba channy Queen barikumwe na Lolilo kuri Stage.
Ubu rero ikibazo cibazwa ni igituma uwo muririmvyikazi ashimye gusohora ayo mabanga muri ino misi, mu gihe hari haheze imyaka itari mike ayabitse.
Impamvu ishoboka inavugwa ni uko uwo muririmvyi ariko ashaka kugira Promotion Album yiwe nshasha, yiswe Colors.
Ku bavyibuka Big Fizzo yaridogeye muri PJ Classic FM kwa Edisson Ndayahoze, ko Channy Queen asinziriye atazi ivyo arimwo, kuko muri Bantu Bwoy ngo bakoze ivyo bashoboye kubw’irya Album yiwe nshasha, ariko we ngo batabona iyo ariko araja.
Mu biganiro yahaye yaba Landry Promoter co kimwe na Edisson Ndayahoze, uwo muririmvyikazi yavuze ko we adasinziriye ahubwo ngo afise uko yari yipanze. Ngo ikibazo n’uko Big Fizzo atigeze amubaza uko yipanze.
Iyo nkuru ya Channy Queen, Lolilo n’umwana yahora azwi ko ari uwa Lolilo ikaba itumye uwo muririmvyikazi akora ibiganiro vyinshi cane mu mwanya muto, ibintu tutari bwigere tubona kuri Channy Queen na rimwe.
Mu biganiro ariko aratanga, uwo muririmvyikazi akaba atumirira abantu kuja kuraba Indirimbo ziwe ku mbuga zigurisha umuziki. Akaba avuga ko aribwo buryo abafana bofasha umuririmvyi kugira agire ico aronka muri izo ndirimbo ziwe.

Muvyibuka, uwo muririmvyikazi akaba yaramaze umwaka wose ata ndirimbo n’imwe ashira ahabona. Urubuga rwiwe rwa YouTube rukaba rutarakwiza abantu 1000 barukurikirana, nayo amasanamu y’indirimbo amaze gushirwa kuri urwo rubuga akaba ata n’imwe irakwiza abantu 10,000 bamaze kuyiraba.
Urwo rubuga rwa YouTube rukaba rufise views zose hamwe 10,670, nayo kuri Boomplay honyene, rwa rukurikirane rukaba rumaze kurabwa incuro zirenga gato 8000 mu misi mikeya rumaze rusohotse.
Ubu rero nuko bihagaze, amakuru ahari nuko na Lolilo nawe yavuye mu gacerere, nawe yatanguye gukora ibiganiro, kugira avuge uko abona ivyo biriko biravugwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 753