abakinyi bakina hanzefootballhomepage

Muyenge Alexandre na Bamwe mu ndongozi za FFB bamaze gushikira Intamba mu rugamba

Muyenge Alexandre asanzwe arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ( FFB ) ari kumwe n’icegera ciwe ca mbere Nimubona Arcade hamwe n’uwujejwe igisata c’ubutunzi muri FFB Honorable Denis Karera, baganiriye n’abakinyi b’umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba hamwe na Staff Technique mu ntumbero yo kubatera intege .

Ku makuru ava mu gisagara ca Garoua n’uko uwo arongoye Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ( FFB ) yashoboye kwemerera abakinyi agashirukabute keza igihe bazoba basezereye Cameroun.

Mu kibuka ko mu rukino ruheruka rwahuje Uburundi na Namibia , yanabahaye agashirukabute yari yabemereye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 806