homepagekirundi_Sports

Ishirahamwe BRA Manufacturing ryashigikiye umugwi nserukira gihugu wa Kabadi

Ishirahamwe BRA Manufacturing Sirl rihingura amatangi y’amazi , intebe , imirongoti , ama Palettes y’amagi n’ibindi bikoresho bikozwe muri Plastique ryafashe mu mugongo umugwi nserukira gihugu w’Uburundi w’abigeme ukina urukino rwa Kabadi , urwo rukino rukaba ari rushasha mu Burundi .

 

Ishirahamwe BRA Manufacturing Sirl rikaba ryatanze ivya nkenerwa vyose ( Sponsor) kugira uwo mugwi nserukira gihugu w’Uburundi w’abigeme ukina urukino rwa Kabadi werekeze mu gihugu c’ Ubuganda mu ntumbero yo kwitabira inkino z’igikombe c’africa c’inkino za Kabadi .

 

Mr Akbar Khoja umuhinde asanzwe arongoye iryo shirahamwe , yavuze y’uko yahisemwo gufasha uwo mugwi nserukira gihugu w’Uburundi wa Kabadi mu mugongo bivanye n’uko igihe yari akiri muto yiga mu gihugu c’Ubuhinde iwabo yahora akunda cane urwo rukino .

Naho Akbar yavuze ko yashigikiye uwo mugwi, ngo yama yashigikiye n’ibindi bikorwa bijanye n’inkino harimwo inkino za Basketball, Cricket hamwe na Football.

Uwo mugwi nserukira gihugu w’Uburundi w’urukino rwa Kabadi wafashe urugendo mukanya gaheze berekeza mu gihugu c’Ubuganda .

Ibihugu bizokwitabira ihiganwa ry’igikombe c’ Africa c’inkino za Kabadi .

– Uganda
– Tanzania
– Kenya
– Rwanda
– Zambia
– Sénegal
– Zambia
– South Africa
– Namibia
– Malawi
– Lesotho
– Burundi .

Mwomenya ko ari ubwa mbere igihugu c’Uburundi citabira izo nkino .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 807