BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Na Alvin Smith YouTube yiwe bari bayitwaye

Habuze akanya isase Alvin Smith, Urubuga rwiwe rwa YouTube bari barumunyaze.

Akoteshejwe urubuga rwiwe rwa Whatsapp, Alvin Smith yigamvye ku bariko bagerageza kumutwara urubuga rwiwe rwa YouTube, ariko ntivyakunda kuko yashizeko imyugariro.

Yagize Ati : ” Uyu muntu ararinda pe, il croit qu’il peu pirater Mon Compte YouTube, 😂😂😂😂 urihenda vraiment”.

Nkuko vyabonetse kw’ishusho yasangije abamukurikirana, uwagerageje kumutwara urwo rubuga akaba asanzwe Ari I Bujumbura nyene.

Iyo ngeso y’ubusuma, ikaba atari nshasha, kuko umuririmvyi Berry Music, akaririmbo kiwe aheruka gusohora karatevye gato kuko urubuga rwiwe rwari rwatwawe n’abantu batazwi.

Abahinga bakaba bahanura gukora ico bita Double Authentication kugira bikunde uwugerageje kwinjira muri urwo rubuga rwawe umufate bitagoranye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775