Entertainmenthomepage

Natacha agiye guhura n’ibihangange mw’ihiganwa

Kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 6 nyakanga 2023 umuririmvyikazi Natacha Ngendabanka yagiriwe ibakwe ryo gutorwa kugira azohiganwe n’abaririmvyi b’ibihangange mu karere mwihinganwa ryitiriwe *HISKOOL AWARD* Umuririmvyikazi Natacha akaba ariwe umuririmvyi wenyene ava mu Burundi yashoboye gutorwa kuba muri iryo higanwa akaba arikumwe n’abaririmvyi nka Jux, Eddy Kenzo, Bruce Melodie, Silver X, hamwe na Diamond Platnum.

Tubibutseko Umuririmvyikazi Natacha Ngendabanka atari ubwambere azoba abonetse mu mahiganwa nkayo kuko aramaze no gutahukana udushimwe mpuzamakungu dutandukanye uhereye kuri SICA muri Benin, HipiPo Music Awards hamwe n’agashimwe ka Rising Star Awards.
Umurundi asohotse n’Uburundi buba buserukiwe Tukaba dusaba ko abarundi bo mushigikira muri ako gashimwe ko kotaha mu Burundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 706