BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Natacha ngo ntari mu mbwa Kidum avuga ko ataco zimaze

Muri commentaire ya Post ya Instagram y’uwahoze ari  umumenyeshamakuru wa Reama Fm, Ismail Niyonkuru, Natacha yishuye Kidum kuri post biboneka ko yakuwe ku rubuga rwa Facebook rw’uwo muririmvyi ko Imbwa ziyizi ariko ko we atariyo na gato.

Ayo majambo akaba yayanditse mu gihe iyo Post tutabashije gusubira kubona ku rubuga rwa Kidum yari yanditswemwo amajambo aho Kidum yavuga ko abaririmvyi ari imbwa ataco zimaze.  Yagize ati : “Abaririmvyi turi imbwa kabisa ataco zimaze. Corona yoyo umengo yaje ihiga twebwe kabisa.”

Ayo majambo akaba yavugishije abatari bake aho bamwe babona ko umuririmvyi nka Kidum atarakwiye kuvuga amajambo nkayo, mu gihe abandi bo bavuga ko abatari bake bariko batahura ukutariko amajambo uwo muririmvyi yabashije gushikiriza muri ubwo butumwa.

Ismail Niyonkuru yibaza nimba ari Kidum yanditse ayo majambo canke urubuga rwiwe rwabaye Hached noneho bakandika ayo majamo atabizi, Natacha we ntiyaretse kugirako amwishura ko we atari mu gitigiri c’abo baririmvyi ico gihangange kiriko kiravuga, kuko ngo we ari mu wundi mugwi.

Natacha yanditse ati : “Inyishu nimwe usa abatanganya amatako ntibota hamwe, gusa imbwa ziriyizi kandi umaze kwiyita uko urumva ko numwe wese araguhamagara uko nyene, kandi n’abafaransa barayamaze bati il faut “appeler le chien par son nom” mimi ni Mama lao kazi kwenda mbele maneno tunayaachia l#lesimbwa.”

Ubwo butumwa bukaba bwatwengeje abatari bake barimwo na B Face nawe yashizeko kuri iyo Post commentaire y’utuntu (Emoji) two gutwenga.

Mwomenya ko iyo post yakweze ayo majambo yose tutabashije kuyibona ku mbuga ngurukanabumenyi za Kidum, ariko bikaba binashoboka ko yanaciye ayikurako.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775