BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Natacha yababajwe n’abanya Kinama

Naho urukundo ari rwose akunda abanya Kinama, Natacha avuga ko ababazwa no kubona atari bwigere aja kuhakorera igiteramo.

Umuririmvyikazi Natacha ngo akababaro ni kose kuri we kubona yari yaratereranye abanya Kinama. Ivyo nivyo vyumvikana mu kiyago aheruka kugirana na Indundi Tv aho yararamutse ahimbazanya nabo umusi mukuru w’abakundana.

Muri ico kiganiro avuga ko iyo zone ariyo yavukiyemwo, naho yahavuye aja kuba mu Bwiza ari naho yakuriye. Natacha akaba avuga ko abanya Kinama abakunda cane.

Ivyo akaba yabishikirije inyuma yaho aboneye uburyo bamwakiriye mu giteramo yakoreye muri iyo zone, akaba yakiriwe nk’umwamikazi.

Natacha akaba yaramaze gukorera ibikorwa muri iyo zone ya kinama aho yarajanye n’ugufasha abavyeyi ba ntaho nikora. Akenshi akaba agenda afashijwe na FNUAP asanzwe ari n’umuserukizi wabo, Ambassador.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775