BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Natacha yarihiye abafana biwe amatike y’indege baja i Burayi

Abatari bake mu bari abagendanyi, abo bita mu yandi majambo abapampe ba Natacha uno musi babarizwa ku mugabane w’Uburayi, nk’uko vyabonetse ku mashusho yakwiragijwe hirya no hino n’abafana mbere na Natacha ubwiwe.

Abo bagiye bikaba vyavuzwe n’abatari bake barimwo Ismail Niyonkuru yahoze ari umumenyeshakuru wa Rema FM uno musi abarizwa mu gihugu c’Ubufaransa, ko barihiwe amatike y’indege n’uwo muririmvyikazi Natacha Ngendabanka.

N’aho ataho aravyemanga ko ariwe yayarishe, uwo mugore w’umuzungu akaba mu majambo yabashije kwandika muri Commentaire ku rubuga rwa Facebook rwa Edison Ndayahoze, yerekana ko uwegereye ahari ibintu ataco abura, aho ni mu gihe uwo mumenyeshamakuru yavuga ko umugwi utari muto w’abafana ba Natacha babarizwa ku mugabane w’Uburayi

Ayo majambo akaba yaje akurikira amashusho atari make yakwiragijwe yerekana Natacha Ngendabanka ariko aherekeza abafana biwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura.

Vuba rero amasura mashasha akaba agiye gusubira kandi gutangura kuboneka hampande ya Natacha La number.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775