BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Natacha yavuze amafaranga ashira mu muziki iyo ayakura

Ngendabanka Natacha yavuze ko yahagaritse amafaranga yakoresha muri Festival de la Chanson Féminine kugira ngo uburyo yashiramwo abushire mu muziki wiwe. Ivyo nivyo aheruka kuyagira imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Muri ico kiyago, Natacha yavuze ko yabonye abaririmvyikazi batariko barashika ku rwego we yipfuza, ica iba intandaro y’uguhagarika ayo mafaranga yashiramwo. Uwo akavuga ariko ko abo bigeme bakora, ariko ngo nibaze bahiganwe, kuko ntibariko bakora bitanga.

Ngendabanka yavuze ariko ko atahagaritse gufasha abaririmvyi, ngo uko ashoboye aragukora, nko kurihira bamwe bamwe indirimbo, amasanamu yazo n’ibindi, ku rugezo ashoboye.

Yanavuze muri ico kiganiro ko hari igihugu agiye gukubitiramwo, naho atashatse kukivuga, ngo kizomenyekana hageze.

Mwokwibuka ko muri iyi myaka 2 iheze, Natacha yabashije gutera intambwe ikomeye aho indirimbo ziwe ziriko ziravuzwa hirya no hino mu bihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko. Ubu Akaba aharurwa mu baririmvyi bakomeye b’abarundikazi bazwi muri afrika y’Ubuseruko

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775