Entertainmenthomepagekirundi

NCDP Express aba Diaspora bazanye ibitanganza mu Burundi

 

Ishirahamwe NCDP rirongowe na Alphonse Nahimana umurundi aba muri Canada, rifise Icicaro caryo i Muramvya, ryatanguye buke buke rifasha abanyagihugu mu vy’uburimyi n’ubworozi, bakigisha abarundi guhanahana ivyimbugwa, nko mu ntara yimbuka neza bimwe bigafasha iyindi Ntara bitimbukamwo.

Abanyagihugu bashoboye kuvugana na Indundi Magazine barashingiye Intahe iryo Shirahamwe ko ryabafashije kuva mu bukene.

Ibikorwa vy’iryo Shirahamwe ntivyagarukiye ngaho kuko ubuho haje agahebuza bazanye application izwi kw’izina rya “NCDP Xpress” uyishize muri Telefone yawe , ivyo kuganya ngo ndahashika gute mu masoko ivyo uzoba ubisezeye.
Iyo application yashizwe ahabona kw’igenekerezo rya 20 Nzero 2023 , ibirori vyabereye kuri Hôtel de l Amitié iri hagati mu gisagara ca Bujumbura ndetse ikaba ari nayo hotel yambere yatanguye gukorana na NCDP.
Uburongozi bwa Hôtel de l Amitié bubajijwe impanvu bwashimye kwifadikanya na NCDP bakamenyesha ko bashimye imigambi iryo shirahamwe rifitiye igihugu cabibarutse, ndetse KO iyo application bazoyungukirako kuko bafise hôtel nziza iri ahantu heza, Ku ngenzi zo mu gihugu hagati ndetse n’aba diaspora muri rusangi

Muti ivyo bimeze gute rero? Ukoresheje iyo application ushobora kugura aho uri hose bakakuzanira ico cose wifuza kugura.
Iyo application ikaba igiye gukora mu gihugu cose ndetse ikaba
Itazokorera mu Burundi gusa, ahubwo izoba mpuzamakungu nubwo yatanguriye hano iwacu.

Akajambo kamwe Kuri irishirahamwe NCDP ryamuka muri Diaspora.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 753