BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ncuti ya Bose ngo Monia Fleur natabarizwe

Abariko barakoresha imbuga za Monia Fleur ngo ni babihagarike, ico nico ciyumviro ca Ncuti ya bose, umwe mu basanzwe bakurikiranira hafi ivy’umuziki wa hano iwacu.

Ncuti akaba ashikirije ivyo inyuma yaho amenyeshereje ko uwo muririmvyikazi uno musi abarizwa mu gihugu ca Kenya, ngo amagara amukitse.

Ncuti akaba abona ko uwo muntu ariko arakoresha izo mbuga ngo atari akwiye kugira nk’aho uwo muririmvyi ari amahoro, kandi uno musi akitswe n’amagara bikomeye.

Amakuru y’iryo kikwa ry’amagara rya Monia fleur, Ncuti ya bose akaba avuga ko yayamenye ari uko agiye kumuramutsa, agasanga uwo muririmvyikazi atameze neza.

Ncuti ya bose akaba ahumuriza abibaza ko yoba ari agakino, ubona ko ngo uwo muririmvyikazi yari muri Kenya mu ntumbero yo gukora amasanamu y’indirimbo, ahubwo ngo nibamutabarize.

Mwomenya ko Ncuti ya bose yari azwiko kuba ari umwe mu bafashe ukuboko Monia Fleur, akaba kandi n’umwe bantu biwe ba hafi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775