footballhomepagekirundikirundi_SportsWorld News

Neymar ukwinezereza kumukozeko, ataravye neza n’ukuhasigara, arahasigara

Ukunezerwa aba kino gihe bita “kurya ubuzima” bimukoze Neymar, aho n’inyuma y’imisi bari bagize bari mu gace kitwa Ibiza muri Espagne hamwe na bagenziwe.

Ikivugwa ubu ku mugabane wa Buraya ku mukinyi Neymar wa PSG mu bufaransa, n’uku bamusanganye Corona Virus ca kiza kiriko kirasasika inganda kw’isi. Uwo mukinyi akaba atari wenyene kuko hari n’abandi 2, Di Maria na Leandra Paredes, nabo batoweko ico kiza.

Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru France Football abishikiriza, ngo abo basore umwanya munini w’akaruhuko barimwo inyuma y’ugutsindwa muri rukino rwa Nyuma rwa Champion’s League, bawumaze muri ako gace ka IBIZA, nako kakaba kanyagaramwo uwo mugera.

Ubu abo basore bakaba bagiye kumara imisi 7 bugaranywe, Quarantaine. Igituma ngo nukugira barabe ivy’amagara yabo.

Uwo mugwi ukaba witezwe kuri uyu wa 10/9 i Lens. Gushika ubu ngo nta kirahinduka kuri uwo musi, kiretse ko ari nka hamwe habonetse abantu 4 bagwaye muri iyo migwi mu misi 7 imbere y’iryo genekerezo ngo uwo mukino uzoca wegezwa imbere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 890